Ni gute woronka uruncanco rwa COVID-19 muri Australia?

Umugambi wivy’urucanco rwa COVID-19 muri Australia urabandanya. Soma ino nkuru umenye ryari na hehe ushobora kuja kwicandagisha.

Descartan dosis de vacunas COVID-19 por fallas de refrigeración.

Source: Getty Images/Larisa Bozhikova

Umugambi wa reta ya Australia uzwi nka werekana bamwe mu bantu bakeneye urwo rucanco kurusha abandi n’ahantu ruzotangurira gutanngwa. Abaforoma, abakora ahantu hashikira abantu bashizwe mu kato, hamwe n’abakorera ku mbibe z’igihugu co kimwe n’abasanzwe baba mu nyubako zibamo abageze mu zabukuru hamwe n’abasanzwe bitwararika abagendana ubumuga baba mu mazu yabagenewe, abo hamwe n’abakozi ni bamwe mu baza kwisonga mu bantu bazocandagwa ubwa mbere.

Kugira ngo umenye ko woronka urucanco rwa COVID-19 naho wo ruronkera, rabira ngaha

Mu gihe woba ufise imyaka 40 canke uyirenza, aho urujuje ibisabwa kugira ngo uronke urucanco. Abandi bantu bari hagati y’imyaka 16 na 39 y’amavuko nabo barashobora kwemererwa urucanco.

Raba ingero ukwiye gukurikiza kuri runo rubuga ngurukanabumenyi kugira urabe yuko wemerewe urwo rucanco:

Ukaba utujuje ibisabwa kandi ufise imyaka 18 canke uyirenza,  urashobora gusaba uzomenyweshwe mu gihe uzoba wemerewe.

Abari musi y’imyaka 16 bo ntibemerewe guhabwa urwo rucanco muri Australia

Urashobora gusaba umwanya muganga asanzwe akuvura co kimwe n’ayandi no kumenya vyinshi vyerekeye urucanco mu kirimi ukoresha:

Mbe n’izihe canco zemewe?

Ikigo The Australian technical Advisory Group Immunisation [ATAGI] igira inama yuko urucanco rwa COVID-19 ruzwi nka Pfizer arirwo rubereye abo bose bari hagati y’imyaka 16 na 59. 

Urucanco rwa COVID-19 rwitwa AstraZeneca narwo rurashobora gutangwa kubafise imyaka iri hagati ya 18 na 59.
coronavirus doses
Source: SBS
Amakuru y’urucanco yawe azobikwa

Reta izobika amakuru amwe amwe y’abantu bazoba abahawe urucanco kugira ngo bashobore kumenya ni nde yaronse urwo rucanco. Iryo n’itegeko ry’ishirahamwe Australia Vaccination Program ryo kubika amakuru y’uwucandazwe uwo mugera wa COVID-19.

Amakuru yuko umuntu yahawe urwo rucanco azogaragara biciye muri My Health Record, Medicare (Immunisation History Statement), canke icete gisohowe mu mashini (printer) bazoguha bahejeje kugucandaga vyongeyeko bakurungikire n’ikindi cete biciye kw’ikete muravyo (email) ukoresha.

Urugero rwo gukingira ruzotandukana  

Bifata indwi zibiri kugira ngo umubiri utangure gukora abasirikare bahangana n’umugera, ariko ‘gukingirwa ntibisigura kutandura’. Umuhinga mu vyo gukungira imigera Dogiteri Kylie Quinn yasiguriye SBS ingero zitandukanye z’ingene urucanco rukora:

Urugero 1 – Gukingira ukwandura muri rusangi
Urugero 2 – Kudakingira ukwandura, ariko bigashobora guhagarika umugera tuviremo indwara.

Urugero 3 -  kutabasha guhagarika kwandura ariko kandi ntibibandanye ngo biviremo indwara ikomeye.

Incaco zose za COVID-19 ni ku buntu.

Incanco zose ni k’ubuntu kubene gihugu bose harimwo n’abafise uburenganzira bwo kuba muri Australia (permanent resident), eka n’abo bose bafise viza. Umuntu wese ari kuri viza y’umunyeshuri, akazi, umuryango, uwaje ashaka afise uwo bashaka kw’ubakana, impunzi, abasaba ubuhungiro, abari kuri viza z’agateganyo, viza zo kuba hagati mu gihugu, viza z’abafashijwe n’amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike, eka n’abo bose bakirindiriye viza zabo, harimwo na viza zidasanzwe bose baremerwe k’ukubuntu urwo rucanco rwa COVID-19.

Abantu bafunzwe n’abo baremerewe, harimwo n’abo bose viza zabo zankiwe.


Share
Published 8 April 2021 9:08am
Updated 16 July 2021 5:49pm
By SBS/ALC Content
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama
Source: SBS


Share this with family and friends