Kwitaho abagendana indwara yo kwibagira mur'iki kiza COVID-19

kwitwararika uwawe agenda uburwayi bwo kwibagira biragoye rimwe na rimwe, ariko abahinga bavuga yuko imiryango iri mu bihe bitoroshe kugira ngo itange ubufasha kub'abavandimwe babo muri kino gihe c'ikiza.

Elderly woman being fed

Source: Getty Images/Jasmin Merdan

Bikuru bikuru

  • Umwanya wo kurindira ikibanza mu mazu y'abari muzabukuru ushobora kuva ku mezi indwi gushika kuri 34 k'uwushaka ahameze neza.
  • Abasanzwe baba mu mazu abamo abagendana uburwayi bwo kwibagira batera basinzikara muri bino bihe vya COVI-19
  • Indwi yahariwe indwara yo kwibagira "" yatanguye itariki 21 gushika 27 Nyakanga aho ushobora kuronka ubufasha bw'umusi kuwuwndi biciye ku buhinga ngurukanabumenyi

 

Umuyobozi w’ishirahamwe ryo ku rwego rw’igihugu ryitwa National Ageing Research Institute professor Bianca Brijnath atewe amakenga n’impungenge imiryango yashizwemo mu bihe bikomeye reta y’intara ya Victoria ihitiyemo biturutse ku kiza COVID-19, aho hari hashizweho ingingo zikomeye ku muntu wese yipfuza gusura abasanzwe baba mu mazu y’abari mu zabukuru mu ntumbero yo kuba kingira.

Iyo ngingo ikaba yarateye bamwe mu bimukira gufata ingingo za gihutiguti bagakuramwo ababo bari basanzwe baba murayo mazu mu ntumbero yo kubarinda ikiza COVID-19.

Ariko muganga (Dogiteri) Brijnath yamenyesheje yuko abantu bafata akanya gakwiye ko kwiyumvira kugira bashobore guhindurira uwabo aba asanzwe afise ah’aba, kubera yuko impamvu ziba zateye umuryango gufata uwabo agenda indwara yo kwibagira bakamushira mu mazu y’abagendana ubwo bu muga bwo mu mutwe ziba zigihari.

Yavuze yuko inzu yawe ishobora kuba idafise ivyankenerwa bikwiye vyo kwitwararika uwo muntu asanzwe agenda ubwo burwayi bwo kwibagira.
Bishobora kuba ibihe ibihe bikomeye gose yaba kuri wewe canke ku wawe asanzwe agendana ubwo burwayi bwo mu mutwe.
Man looking out the window
Source: Getty Images/FG Trade
Muganga Brijnath aramaze kubona bimwe mu bitera ibibazo abasanzwe bitwararika abagendana ubwo burwayi bwo mu mutwe co kimwe n’imiryango yabo basanzwe babana muri bino bihe vy’amategeko yo ku guma mu rugo. 

Yongeyeko amenyesha yuko kutagira ububasha bukwiye bwo kwitwararika abo barwayi amasaha 24 mu misi indwi bishobora gutera ingaruka uwusanze amwitwararika co kimwe n’uwomurwayi nyene.

Akaba ahanura yuko umuntu akwiye kwitegura neza bikwiye imbere yo gufata iyo ngingo.
Itonde cane! Raba ku rubuga My Aged Care kugira ngo umenye ubufasha ushobora guhabwa n’uburongozi bwawe canke uvugane na muganga wawe imbere y’igihe.
Muganga Brijnath yizera yuko kwitwararika canke kwitaho ubuzima bwawe nk’uwusanzwe yitaho abagendana ubwo burwayi ari ngira kamaro kugira ngo umenye yuko ufise uwo mutima, ubwira n’ubushobozi bwo kwitwararika uwo akeneye ubufasha.

Akaba anagira inama yo kurondera ubufasha mu kibano  buza bwiyongera kubwo basanzwe bahabwa n’amashirahamwe yitwararika amagara meza kubasanzwe bitwararika abagendana uburwayi bwo kwibagira.

Ubushakashatsi yakoze bwerekana yuko bamwe mu bimukira bava mu bihugu bitandukanye haba mu mico n’akaranga barashoboye kurondera ubufasha mu miryango yabo, aho basaba iyo miryango kubafasha kwitaho umurwayi basanzwe bafise, hama k’umurango canke mw’ijoro kuva umusi asuzumiwe bikemezwa yuko afise ubwo burwayi bwo kwibagira gushika yitavye Imana.
Ahasanzwe hariho ingingo zikomeye zitegeka abantu kuguma mu rugo, urashobora kuronera umuntu wo mu muryango agufasha kwitaho uwo mu rwayi bityo nawe ukoroherezwa.
Nurse examining a patient
Source: Getty Images/FG Trade
Maree McCabe n’umuyobozi nshingwabikorwa w’ishirahamwe Dimentia Australia, yavuze yuko COVID-19 itoroheje ibihe haba kubasanzwe bitwararika abarwayi bagenda indwara zo kwibagira, imiryango yabo, co kimwe n’ibice birenga 50 kw’ijana vy’abasanzwe baba mu mihana yabo bagendana ubwo burwayi bwo kibagira.

Benshi ntibemerewe gusura ababo kubera ingingo zashizweho mu ntumbero yo kurwanya COVID-19 kur’ivyo bigo birimwo abo barwayi.
Ibimenyetso biranga uburwayi bwo mu mutwe biriko biriyongera ku muvuduko uri hejuru, hama ic’ivyo bisigura nuko bariko baratakaza ubushobozi bwo gukora ibintu bari basanzwe bikorera.
Ikibabaje nuko benshi mu bagendana ubwo burwayi bwo kwibagira batazoshobora ubugira kandi gukora ivyo bikorwa.

McCabe akaba yamenyesheje impungenge afise yuko ivyabona bishobora gushikira abasanzwe bagwariye mu mihana.
Kubasanzwe baba muri za kominote, kera barashobora gusohoka bakaja gukora ivyo bategerezwa gukora ariko ubu batekewe n’ubwoba.
McCabe yavuze ati mu gihe amashirahamwe yar’asanzwe atanga abakozi yatakaje ibice 80 kw’ijana canke 100 kw’ijana vy’abakazo bari basanzwe bitwararika abagendana ubwo burwayi kubera ingingo zo ku kuguma mu rugo, amashirahamwe atabara imbabare akenshi ntabasanzwe afise ubumenyi bukwiye kurabo barwayi hamwe n’abantu bagenda ubwo bumuga bwo kwibagira.
Kuri bose basanzwe baba murayo mazu, uko tumenya vyinshi kuribo niko usanga turondera ivyankenerwa bikwiye kugira ngo tubitwararike neza gutyo dushubore gushika kuvyo bipfuza.
Ibigo bifise ingingo zikaze ah’usanga uwinjiye wese ategerezwa kwuzuza no gushira umukono ku rwandiko rwemeza yuko batanduye canke ko bahuye n’umuntu yanduye umugera COVID-19 canke k obo ubwabo batarwaye canke ngo babe bafise ibimenyetso vy’uwo mugera.

McCabe yavuze yuko imiryango iriko iragerageza gutanga ubufasha bushoboka kur’abo bavandiwme babo bagendana uburwayi bw’indwara yo kwibagira, kugira ngo ubuzima bube nk’ubusanzwe muri bino bihe bitoroshe

Aragira inama yo kwamizako uburyo bwo gutumatumanako hamwe n’ikoreshwa ry’ubwo buhinga mu kwifashisha amasanamu (video), mu ntumbero yo kumenya uko bamerewe.
Bamwe bamwe iyo bambaye agafukamunwa, usanga bafise canke bambaye akagozi kariko isanamu (photo) yabo handitseko amazina yabo gutyo bagashobora kubitahura.
Window visit
Source: Getty Images/RyanJLane
Edgar Proy n’umwubatsi asanzwe aba mu ntara ya Vicoria. Hirya yuko ubwa mbere yari yankiwe gusura abavyeyi biwe bageze mu zabukuru basanzwe baba mu mazu y’abageze mu zabukuru, mu nyuma yarashoboye gusaba abarongoye ico kigo kugira ngo bashobore ku muha uburenganzira bwo ku musura nk’umwe mu bakozi  basanzwe bitwararika abavyeyi biwe ni buri buri kabiri mu ndwi ariko akurikije ingingo zo kwitwararika isuku zikaze cane.
Maze gusuzumwa gatatu kandi nzobandanya nsuzumwa kugira ndabe yuko mfise ibimenyetso. Igihe cose ni njiye ntegerwa gukaraba umubiri wose, nkora ibishoboka vyose kugira ndabe si ninjize uwo mugera.
Mu gihe asanzwe aba mu ntara yabangamiwe cane n’ikiza muri Australia, aho iyo ntara yaharuye ibice 95 kw’ijana vy’impfo z’abageze mu zabukuru, abavyeyi ba Proy bamerewe neza cane mbere bakaba baherutse guhimba imyaka 54 bubakanye.
Ivyo bikorwa bikaba vyarashigikiwe n’uburyo bashoboye kuziganya kubw’ubuzima bwa kazoza, muri make nta faranga reta iduha, rero twaciye twifatira mu minwe ico gikorwa.
Iyo nyifato idasanzwe ya Proy, yatanguye inyuma yaho amenyeye yuko nyina wiwe, Monica, yahoze nawe akora nk’umuvugizi wabasanzwe baba mu mazu y’abakukuruke, ubu nawe akaba afise iyo ndwara yo kwibagira, yahawe imiti ikomeye cane bitewe n’ikena ry’abakozi aho Monica yararwariye mbere.

Proy yavuze yuko umuryango wiwe wahisemo ko umuvyeyi wiwe azoguma akurikiranwa n’ishirahamwe ryigenga nyuma yaho baboneye ingene indwara y’umuvyeyi wiwe irushirijeho k’umusinzikaza.
Ubu afise ubwenge nk’umwana muto. Rero ari nkakumwe twomutererana yoca apfa.
Ibitigiri vya buta vyashizwe ahabona na Productivity Commission vyerekana yuko ikiringo co kurindira ngo uronke ikibanza nk’uwugeze mu zabukuru murayo mazu ya reta bifata amezi indwi kuwu keneye imyitwarariko ibayabaye cane na 34 kuwu keneye imyitwarariko isaba uburyo bwinshi.

Profesa Brijnath yavuze ati mu gihe imiryango y’abasanzwe bava mu bihugu bifise imico n’akaranga bitandukanye ihitamo kugumiza mu rugo abavandimwe babo bafise ubwo bu rwayi bwo kwibagira, yavuze yuko umurongo wo kurindira igihe uzoronka ikibanza murayo mazu ushobora gufata imyaka bivanye n’intambamyi zitari nke zibonekeza murico gikorwa.
Mu gihe woba ufise uburyo bwo gukoresha amashirahamwe yigenga ukaba unashobora kuyariha, novuga nti bikore kuko umwanya wo gutegereza ushobora kuba mure mure.
Proy yavuze yuko kenshi yataziriwe amazina nk’umugumutsi bivanye n’ingene yaguma asaba ubudahumeka ngo abavyeyi biwe bashobore kuronka ivyankerwa bikwiye imisi yose, nubwo bitagiye bimworohera.

Impanuro aha iyindi miryango yipfuza gushigikira no gufata mu mugongo imiryango yabo isanzwe iri murayo mazu ya reta ngo n’ivyiza gutahura yuko biri mu bintu bafitiye uburenganziwa.
Mu gihe uba ufise uburenganzira mu buryo bw’urwandiko wahawe n’ubutungane, uba urekuriwe kwinjira kandi nta mu ntu yo kubuza.
Proy amenyesha ati n’ubwo ivyo bigo vyashizeho amategeko, hari uburyo ushobora kuvugana nabo hama mukumvikana.

Medical consultation aged care dr visit
Source: Getty Images/Geber86))
Hariho indwara zirenga 100 zishobora gutera uburwayi bwo kwibagira.

Indwara izwi nka “alzheimer” niyo mbarutso iyitera kenshi, aho itera abashika ibice 70 kw’ijana vy’abarwayi b’indwara yo kwibagira.

Ikimenyetso kizwi cane c’iyo ndwara ni ugutakaza ubwenge.

Maree McCabe asaba imiryango kwama barikanuye mu kurabira ico cose kitaroranye mu ngeso z’abari mu zabukuru, kuko ivyo bishobora kuba nk’ibimenyetso vy’ibanze vy’iyo ndwara.
Kuko birashobora gushika ugasanga umuntu yadukanye ingeso yo gukora ibintu bitandukanye n’ivyo yarasanzwe akora.Ni nkuko ushobora gusanga batakaje ubushake bwo gushaka gukora ibintu, mbere bakaba ba sindabibazwa bakana duhirwa cane.
Ukeneye ayandi makuru, hamagara ikigo  kuri 1800 100 500 canke ishirahamwe  kuri 1800 951 822.

Kugira ngo umenye ingene ushobora kwitaho uwawe afise ubwo burwayi bwo kwibagira, gendera ikigo   ku buhinga ngurukanabumenyi aho uronka amakuru yo gufasha umusi kuwundi mur’ino ndwi yahariwe kumenyekanisha iyo ndwara uhereye itariki ya 21 gushika 27 Nyakanga.

Kubakoresha indimi zitari icongereza mwohamagara ikigo co ku rwego rw’igihugu TIS gitanga serivisi yo gusemura ku buntu kuri 13 14 50.


Share
Published 24 September 2020 1:50pm
By Amy Chien-Yu Wang
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama


Share this with family and friends