Feature

COVID-19: Ivyo ukwiye kumenya mu gihe uba muri Australia

SBS mu kirundi yiyemeje kugushikiriza amakuru yo kwizera aguha ubumenyi bukwiye kubijanye ni ikiza COVID-19. Iki ni icegeranyo c'ivyo ukwiye kumenya kuri Coronavirus, urashora kugisanginza abandi muri kominote yawe.

Portrait of a young female healthcare worker wearing a protective TB mask

Portrait of a young female healthcare worker wearing a protective TB mask Source: Getty Images

             

Guma muhira. Ikingire bikwiye. Menya ibigezweho. Rokora ubuzima


Ingorane z’amafaranga

“Ukaba uriko uraca mu kibazo c’amafaranga, ja kuri   canke uhamagare ikigo kijejwe amadeni ku rwego rw’igihugu kuri 1800 007 007. 

Agahembo mu kiruhuko c'ibihe bidasanzwe

Reta yashizeho umugambi yise “agahembo ko mu bihe bidasanzwe” kangana $1,500 kazohabwa abazoja mu karuhuko bitewe n’ikiza. Ako gahembo nako kakaba kazohabwa abakozi bo muri Victoria, Tasmania, Westen Australia hamwe  muri New South Wales. 

Intara ya Queensland nayo ikaba iriko irigira hamwe ico kibazo na reta, mbere bikaboneka yuko nayo ishobora guhamvya izindi ntara muruyo mugambi.

Ako gahembo kazohabwa abakozi bose bibaye ngombwa yuko bishora mu kato ariko badafise imisi bahabwa n’akazi yo gufata akaruhuko k’uburwayi canke ngo baronswe agahembo kagenewe haba abarondera akazi canke abateshejwe akazi n’ikiza corona. Biranategekanywa yuko abari kuri viza z’agateganyo nabo bazoshikirwa.

Agahembo kazohabwa abarondera akazi.

Agahembo kagenewe abarondera akazi hamwe n’abari basanzwe bakora

Agahembo kazotangwa gushika muri Ntwarante 2021, hamwe n’agahembo gahabwa abarondera akazi gushika Kigarama 2020. Mu misi iri mbere reta izomenyesha umugambi w'umwaka w' 2021 ifitiye abarondera akazi. 

Agahembo kagenewe abarondera akazi

Agahembo kagenewe abarondera akazi kemerewe uwo wese ari hagati y’imyaka 22 n’uwakukurutse canke mu gihe udafise akazi canke uriko urakarondera canke uriko urakora ibikorwa vyerekana yuko uriko urarondera akazi. Ako gahembo kandi kemerewe uwurwaye  canke yakomeretse atagishoboye gukora akazi yarasanzwe akora canke yiga.

Ku wibana: $815

Uwibana asanzwe afise umwana: $862

Uwibana afise imyaka 60  canke irenga: $862

Uwufise uwo babana: $760

Menya vyinshi: 

Kuva mu mpera za Nyakanga, urashobora kuronswa AUD $ 300 ku ndwi zibiri, mu gishingo c’ayahora atangwa AUD $ 106 mbere yako gahembo kagenewe abarondera akazi kagirwako  ingaruka

Kuva itariki 4 Myandagaro umuntu wese aronka imfanshanyo ya reta uduhembo twagenewe ababuze akazi n’abakarondera bazotegerezwa kuja k’urutonde rw’abashaka akazi kandi bategerezwa kurondera akazi n’iburi buri incuro zine mu kwezi kugira ngo ushobore kubandanya uronka iyo mfanshanyo.

Agahembo kagenewe abari basanzwe bakora

Agahembo k’abari basanzwe bafise akazi kemerewe abantu bafise ni buri buri imyaka 16, basanzwe  bikorera utwabo, abakora bisanzwe amasaha yose co kimwe n’abadakora imyamya yose canke abamaze imyaka myinshi bakora ariko badakora imisi canke amasaha yose mu kiringo c’amezi 12 uharuye gushika itariki 1 Ntwarante 2020. Abafise imyaka hagati ya 16 na 17 bategerezwa kuba ata muntu wundi abashigikira mu bijanye n’amafaranga kugira ngo bashobore kwemererwa.

Ako gahembo kazocibwamo kubiri, uburyo bumwe kubasanzwe bakora amasaha yose ategekanijwe n’akazi hama  ubundi abasanzwe bakora amasaha make

Ako gahembo ka kaba kagabuwemo ibice bi biri. Kamwe kari mu murwi w'abasanzwe bakora amasaha yose agenewe akazi hama akandi kagenewe abakora amasaha amake canke imisi mike mu ndwi

Agahembo k'indwi zibiri kagenewe abasanzwe bakora amasaha yose ategekanijwe n’akazi mu ndwi:

-   Ubu: $ 1,200

-   Kuva muri Nzero 2021: $ 1,000

Agahembo k'indwi zibiri k’abasanzwe badakora amasaha yose:

-   Ubu: $ 750

-   Kuva muri Nzero 2021: $ 650

                       

COVID-19 yoba ikwiragizwa gute?

COVID-19 ikwiragizwa biciye ku umuntu ku wundi

  • Kwegerana cane n'umuntu kandi amaze kugira ubwandu canke mu masaha 24 imbere yuko ibimenyetso biboneka.
  • Kwegerana n'umuntu akorora canke y'itsamura amaze gusuzumwa kandi bikemezwa yuko yanduye.
  • Gukora ikintu canke ahantu (ku urugi canke imeza) hafise imigera y'umuntu akorora canke y'itsamura  aba yasuzumwe kandi vyemejwe yuko yanduye hama mu nyuma ukikora ku munwa canke ku ma zuru.
Reta ya Australia igira inama abantu bose yuko bakwiye gushira application COVIDSafe muri terefone ngendanwa zabo.

Ni ibihe bimenyetso vya COVID-19

Ibimenyetso vy'uwanduye Coronavirus biratandukanye kandi bishobora kwigaragaza nk'indwara yoroheje gushika ku guhema nabi ukamera nk'uwubuze impwemu, nkuko vyashikirijwe ku urubuga ngurukanabumenyi rwa reta ya Australia.

Ibimenyetso vy'uwanduye COVID-19 birasa ni vy'umuntu afise ibicurane, hama ivyo navyo harimwo:

  • Ubushuhe
  • Ibimenyetso bifatiye k'ugukorora
  • Ugukorora
  • kubabara mw'izosi
  • Kugabanukirwa n'impwemu
  • Ibindi bimenyetso birashobora kwibonekezamo ibicurane, kumeneka umutwe, kubabara mu ngingo canke kubabara mu mitsi, agasibe, ugucibwamo, kudahwa, kubura ubushobozi bwo kumoterwa, kubura ugusosera canke kururirwa, kubura akayabagu hamwe no kuruha
Uburongonzi bwarashize uburyo wokoresha kugira ngo urabe yuko ufise ibimenyetso vya COVID-19, ubwo nabwo ugashobora no kubukoresha uri mu rugo iwawe:

Gushika ubu nta muti canke urucanco biraboneka ngo bibashe kuvura ikiza coronavirus, ariko ibimenyetso vyayo vyinshi birashobora kuvurwa mu buryo busanzwe. Imiti izwi nka "antibiotiques" ntaco imara mu gihe ushatse kuyifata ufise ico kiza.

Ni iki nkwiye gukora mu gihe ngize ibimenyetso?

Mu gihe ugize ibimenyetso mu imisi 14 ugishika muri Australia canke ukaba umaze guhura n'umuntu yasuzumwe akanemezwa yuko yanduye COVID-19 mu gihe c'imisi 14, ukwiye kwihutira guhamagara muganga mu maguru masha ugasuzumwa canke ugahamagara ikigo kijejwe kumenyesha amakuru kuri Coronavirus kuri 1800 020 080. Urasabwa kutaja kwivuriro canke ibitaro utabagabishije yuko ufise ibimenyetso.

Hamagara dogitere wawe kugira ngo ushobora kumusaba isango canke uhamagare 1800 020 080 vyihutirwa ikigo c'igihugu kijejwe gushikiriza amakuru kuri COVID-19. Ntuje kwa muganga canke ku bitaro utabamenyesheje yuko ufise ibimenyetso. 

Imbere yuko ugerayo, hamagara ivuriro canke ibitaro hama ubabwire yuko uherutse mu rugendo canke yuko wahuye ni umuntu yanduye COVID-19. Ukwiye kuguma ahantu wenyene wiyugaranye haba mu nzu yawe, mwi hoteri canke kwa muganga gushikaho abajejwe amagara y'abantu bemeje yuko wakize canke bikwiriye yuko usubira mu bawe no mubikorwa vyawe vya misi yose.

Mugihe woba wipfuza kuganiriza umuntu kuvyerekeye ibimenyetso ufise, hamagara ikigo c'igihugu kijejwe kumenyesha amakuru  no gutanga impanuro kuri Coronavirus. Uyo murongo wa terefona ukora amasha 24 k'umusi, mu kiringo c'imisi indwi mu ndwi. 1800 020 080

Raba  namba ata muganga yogusuzuma ingene uhema  canke hafi yawe  n'ingene wosaba umubonano:

Mu gihe ata muganga arangwa mu gace uherereyemo, ja ku rubuga kugira ngo uronke amakuru yega amavuriro co kimwe n'izindi serivisi.

Mu gihe woba ufise ikibazo co guhema neza canke ugashikirwa n'ibibazo vy'amagara agukitse wokwakura kuri 000.

Ni gute uyo mugera uvurwa?

Nta muti uzwi gushika ubu uvura Coronavirus, ariko vyinshi mu bimenyetso vyayo birashobora kuvurwa. Ama Antibiotiques ntaco amara kuri uyo mugera.

Ni nde abangamiwe kurusha abandi?

Abantu bamwe bamwe bamaze kwandura barashobora kutagwara, abandi bakaronka ibimenyetso bibayabaye mbere ugasanga ivyo bimenyetso barabikize mu buryo bworoshe, abandi nabo ugasanga barasinzikaye cane kandi vuba. Dufatiye kuri kahise ka Coronavirus, abantu babangamiwe kurusha abandi mu kwandura uwo mugera ni hamwe:

  • Abasangwabutaka (aba aborigene hamwe naba Torres Strait Islander ) bafise imyaka 50 irenga bakaba bagendana imwe canke nyinshi mu ndwara zidakira zitandukanye
  • Abarengeje imyaka 65 bakaba bagendana indwara zidakira. Indwara zidakira zizohabwa insiguro uko hazogenda hibonekeza abarwayi batandukanye.
  • Abarengeje imyaka 70 irenga.
  • Abantu basanzwe bafise abasirikare bo mu mubiri badakomeye.

Ni gute wofasha gukiringira ikwirakwizwa rya COVID-19?

Kwitwararika isuku ryo gukaraba no kwitsamura neza/ gukorora hisunzwe isuku hamwe no kwiha umwanya hagati yawe n’abandi bantu mu gihe urwaye, nico conyene cofasha gukingira uyo mugera. Ukwiye:

  • Gukaraba intoke neza kandi kenshi gashoboka ukoresheje isabuni imbere ni inyuma yo gufungura, ni inyuma yo gukoresha akazu kasurwumwe.
  • Ifate canke wifuke ku munwa mu gihe cose ukoroye canke witsamuye, guta akantu uhejeje gukoresha mu kwikingira umunwa mu gihe wariko witsamura, hama ukoreshe ivyabigenewe mu guhanagura intoke.
  • Mu gihe utamerewe neza, irinde guhura n’abandi bantu (Ihe intambwe n’igice 1.5 uri mu bantu)
  • Itwararike abandi hamwe nawe ubwawe, ugume mu rugo kenshi gashoboka.
  • Kudasohoka mu rugo rwawe kiretse ari ngombwa
  • Kwitwararika gusiga imetero ni igice hagati yawe n’abandi bantu eka no kugerageza kuba mu kibanza kuburyo hagati yawe n’abandi bantu habamwo metero kuwadarato

Ni nde akwiye kwikumira (Kwishira mu kato)?

1. Abantu bose binjiye muri Australia, canke bakaba bazi yuko bahuye n’umuntu yasuzumwe kandi akemezwa yuko yanduye COVID-19, uyo abo basabwa kwi kumira ubwabo ahantu mu kiringo c’imisi 14.

2. Ingenzi zose zinjiye muri Australia zizosabwa kwishira mu kato mu kiringo c'imisi 14 ahantu hanzwi (akarorero: mw'ihoteri)

Ingenzi zizotwarwa aho hantu bazoshikira mu kato inyuma yo gusuzumwa bikwiye n'inzego z'ibijejwe ku kibuga c'indege

3. Mugihe wasuzumwe bagasanga ufise COVID-19, utegerezwa kuguma mu rugo:

  • Ntugende ahasanzwe hakoranira abantu benshi nk’aho ukorera, kw’ishuri canke aho barera abana, mu kaguriro, canke mu bigo vya kaminuza
  • Saba umuntu akuronderere ico ufungura n’ibindi vyankenerwa wipfuza
  • Abikuzanire hama abisige imbere yu umuryango wawe
  • Ntiwemere yuko hagira uwuza ku kuramutsa, kiretse abantu musanzwe mubana nibo bemerewe kwinjira iwawe mu nzu
Kwiha umwanya canke  kwi kumira uri mu bandi bisigura iki?

Ukwiha umwanya hagati yawe n’abandi bantu niyo nzira imwe yo kugabanya ikwirakwizwa ry’umugera nka COVID-19. Uko wiha umwanya munini hagati yawe n’abandi, niko usanga bigoye kugira ngo uyo mugera ushobore gukwiragira mu buryo bubangutse.

 Harimo no kwirinda gukorakora ku bintu canke ahantu (akarorero nk’ibitashi vy’inzugi hamwe n’ameza) handujwe n’umuntu yahakororeye canke akahitsamurira kandi bizwi yuko uyo muntu yanduye COVID-19

Guma muhira

Inama nkuru y’igihugu iragira inama abenegihugu ba Australia ku guma mu rugo, kiretse:

• Ugiye gusuma ivyankenerwa- ibifungurwa hamwe n’ibindi wokenera;

• Ugiye  kwa muganga canke kwivuza canke bibaye ngombwa yuko ujayo gutorera umuntu imiti

• Ugiye kwinonora imitsi wisunze itegeko rivuga yuko hemerewe gukorana abantu babiri gusa kandi basanzwe ba bana

• Ugiye gukora canke kw’ishuri mu gihe bidashoboka yuko wokorera canke wigira muhira.

Ndashobora kuja kuramutsa incuti n’imiryango iba mu nzu za reta zagenewe abageze mu zabukuru?

Nk’itegeko ryega abanye Australia bose, ntiwemerewe kuja ku kuraba abasanzwe baba mu mazu y’abari mu zabukuru mu gihe:

  • Uvuye hakurya y’amazi mu kiringo c’imisi 14 iheze.
  • Umaze kubonana n’umuntu yasuzumwe kandi bikemezwa yuko yanduye COVID-19 mu misi 14 iheze.
  • Ufise umuriro canke ibindi bimenyetso bijanye n’indwara zo guhema (akarorero: inkorora, kubabara mu mihogo, gukehanirwa n’impwemu zo guhema)
  • Utegerezwa kuba wararonse urucanco rw’ibicurane bizwi nka influenza kugira ngo urekurirwe kuja kuramukanya mu kigo kibamo abageze muza bukuru
Menya neza yuko intara co kimwe n’ibisagra vyarashizeho amategeko abigenga atandukanye.

Noba nkwiye kwambara agafukamunwa (masque)?

Bivanye n’ingene vyibonekeje yuko ukwandura canke kwanduza COVID-19 vyaciye mu k’uwundi muri Australia, ivyo navyo bisigura yuko Intara hamwe n’ibisagara bimwe bimwe bishora gutanga itegeko ry’uko umuntu wese akwiye kwambara agapfukamunwa.

Agafukamunwa ubu ni ngomwa canke itegeko mu ntara ya Victoria (bivanye naho usanzwe uba) bivanye n’ubwandu bw’uyo mugera buri hejuru cane kandi bikaboneka yuko bandura biciye mu muntu k’uwundi.

Abasanzwe baba mu ntara ya NSW barasabwa kwiyumvira gukoresha agapfukamunwa mu gihe boba bakora ahantu hashushe cane  canke mu gihe kwiha umwanya hagati yawe n’uwundi muntu bidashoboka.

Mu gihe agapfukamunwa kakoreshwa nk’inzira yo kwikingira, usabwe kubandanya:

  • Guma mu rugo mu gihe utamerewe neza
  • Ihe umwanya (imetero 1.5) hagati yawe n’abandi bantu mu gihe utari iwawe.
  • Irinde kuja mu bibanza bikoraniyemo abantu benshi
  • Bandanya ukaraba intoki, unakore umwimenyerezo wo guhema neza.
Mu gihe hagize ibihinduka mu ntara usanzwe ubamo canke igisagara, ivyo bisigura yuko n’impanuro kuvyerekeye udupfukamunwa zishobora guhinduka. Rero ningombwa yuko nawe uguma uzi canke urondera ibigezweho mu gace uherereyemo. 

Mu gihe hagize igihinduka mu ntara canke igisagara usanzwe ubamo mur’ico gihe impanuro zijanye no kwambara agafukamunwa zishobora guhinduka. Ni vyiza kuguma ku mwanya w’ibintu aho bigeze mu gace urimo.

Ingendo zo hagati mu gihugu, gusohoka canke kwinjira muri Australia

Abenegihugu bose bakwiye kureka ingendo zidakenewe hagati mu gihugu. Intara zose zirashobora gukoresha amategeko azigenga, harimwo no kwugara imbibe zi intara.

Itegeko ryo kwegeranya umwirondoro

Kuva itariki ya 1 Gitugutu 2020, hashizweho itegeko ryo kwegeranya umwirondoro kur’abo bose bafata indege zija hagati mu gihugu ugahabwa ababijejwe mu ntara hamwe n’ibisagara mu ntumbero yo gukurikirana mu buryo bworoshe uwo wese yanduye canke yanduje. Mur’uwo mwirondoro hakazotangwa: amazina, umwirondoro w’ikete muravyo (email address), nimero ya terefone ngendanwa hamwe n’umwirondoro waho usanzwe uba.

Amashure y’uburaro 

Abana bose biga mu mashure afise uburaro mu gihugu cose baremerewe kuja mu rugo mu karuhuko ko muri Nyakanga-Gitugutu 2020, na cane cane abazoba baje bavuye ku mashuri afise uburaro bagenda mu ntara hagati.

Ingingo ngenderwako zigenga abakoresha uburyo rusangi bwo kwiyunguruza

Igikorwa c’iyunguruzwa ry’abantu n’igikorwa cega intara, ibisagara. Inama nkuru y’igihugu ikaba yatoye yashizeho urukurikirane rw’amategeko kugira ngo bifashe gukingira amagara n’umtekano vy’abakozi n’abasanzwe bakoresha ubwo buryo mu kwiyunguruza, harimwo: kudafata urugendo mu gihe utamerewe neza, kwama wiha umwanya buri gihe hagati yawe n’uwugendesha imodoka canke ikintu cose cunguruza abantu hamwe n’izindi ngenzi, hamwe no kugabanya ihererekana ry’amafaranga mu minwe. Ushaka kumenya vyinshi ku mategeko yo kwikingira COVID-19 agenga abunguruza abantu n’ibintu raba ngaha:   

Ingendo njabukamazi 

Ibigezweho

Ibitigiri vy’ingenzi ziva mu mahanga zinjira muri Australia vyongerejwe. Ibitigiri vy’abinjira vyongerejweko abantu 2,000, aho vyahora ku bantu 4,000 ubu bikaba bishitse ku bantu 6,000 ku ndwi.

Ibitigiri vy'abemewe kwinjira muri Australia bavuye hakurya y'amazi gushika itariki 24 Gitugutu 2020:

Intara ya Melbourne - ntawemerewe kwinjira muriyo ntara avuye hakurya y'amazi

Sydney- abantu 350 nibo bemerewe kwinjira mur'iyo ntara k'umusi 

Perth- abantu 525 nibo bemerewe kwinjira ku ndwi

Brisbane- abantu 500 nibo bemerewe kwinjira ku ndwi

Adelaide- abantu 500 nibo bemerewe kwinjira ku ndwi

Canberra, Darwin- igitigiri c'abantu bemewe kwinjira mur'iyi ntara gitegerezwa kwigwa umuntu k'uwundi kuri buri ndege kandi bigaca no mu butungane. Hirwa urubanza rw'umuntu k'uwundi

Hobart- nta wemerewe kwinjira avuye hakurya y'amazi

Ibigezweho

  • Intara ya New South Wales izokwongerako abantu 500 ku ndwi uhereye itariki 27 Nyakanga 2020.
  • Intara ya Queensland hamwe na Western Australia zizokwongerako abantu 200 ku ndwi uhereye itariki 27 Nyakanga2020.
  • Queensland (4 Gitugutu) hamwe na Western Australia (11 Gitugutu) bazokwongerako abangana 300 bandi (gutyo bazoba bashikanye igitigiri c’abantu 500 ku ndwi)
Ingenzi zose ziva mu mihingo itandukanye y'isi yinjira muri Australia hatisunzwe ubwene gihugu bwabo canke aho bafatiye indege, bategerezwa kwuzuza urupapuro bemeza yuko bazoja ukwabo mu bibanza bizwi mu kiringo c'imisi 14 imbere yuko baja mu ngo zabo. Bazosuzumwa ko banduye coronavirus imbere yuko bashirwa ukwabo bonyene eka n’imbere yuko bemererwa kugenda.

Birashobora kuba ngombwa yuko nawe uterera mu kiguzi c’imisi wamaze uri mu kato. Reta niyo iraba izo ngingo hama zigashirwa mu ngiro n’uburongozi bw’intara hamwe n’ibisagara:

Abenegihugu co kimwe n'abemerewe kuba ngaha bazwi nk'aba permanent residents  ntibemerewe gufata ingendo zo hakurya y'amazi (hanze ya Australia) kubera ingingo zafashwe mu ntumbero yo ku rwanya COVID-19.

N'ubwo bimeze bityo mugihe woba wipfuza gusohoka Australia urashobora gusaba bakaguha uruhusha rudasanzwe ruguha uburenganzira bwo gusohoka igihugu mu gihe woba uri muri aba bakurikira: 

  • Urugendo ufashe ni mu ntumbero yo gutabara abanduye ikiza COVID-19, harimwo no kubafasha.
  • Urugendo rwawe ari ngombwa kugira ngo utunganye ibikorwa runaka vy'ishirahamwe hamwe n'urudandaza (Kugura ibidandazwa ubikura hanze hamwe no gushora hanze y'igihugu)
  • Ufashe urugendo kugira ngo ushobore kuvurwa kandi bidashoboka ngaha muri Australia
  • Ufashe urugendo rwihutirwa kandi ari ngombwa muvyo usanzwe ukora kandi  udashobra kurusiba
  • Ibikorwa vy'impuhwe no gutabara imbabare
  • urugendo rwawe rufitiye inyungu igihugu.
Aho ufatira indege ikuzana (transit hubs)

Amakuru y'abafata ingendo aguma ahinduka ku mwanya muto. Ukaba wahisemo kugaruka muri Australia:

Suzuma neza inzira uzocamo hama ugume uvugana n'ishirahamwe ry'indege rizokuzana canke abasanzwe bafasha mu bikorwa vy'urugendo mu kugura itike ry'indege, kurikirana amatangazo bashikiriza babicishije ku bibuga vy'indege aho ufatira iyindi hamwe n'uburongozi.

Gerageza kuvugana n'ubuserukizi  bw'igihugu uzocamwo uhindura indege bukuri hafi mugihe woba ufise ico ushaka kubaza haba kw'injira canke gusohoka, raba ngaha ibisabwa

Ni gute indongozi za Australia zoba ziriko zirahangana ni iki kiza?

Kuva muri Gitugutu 2020 gushika muri Ntwarante 2021 reta yatanze imiriyaridi $2 mu mugambi wo kwagura serivisi z’ubuvuzi bukorwa biciye mu buhinga ngurukanabumenyi mu mezi atandatu, kugira ngo hashikirwe abanye Australia batari bake mur’ico gisata c’amagara y’abantu na cane cane abagendana uburwayi bwo mu mutwe.

Ukworohereza bamwe bamwe mu bafise ama viza

Abafise viza z’akaruhuko z’agateganyo: Hazotezurirwa abamaze amezi atandatu akorana n’umukoresha umwe, mu gihe basanzwe bakora mu bisata nka: amagara y’abantu, bakorana n’abageze mu za bukuru, abagendana ubumuga, irerero ry’abana, uburimyi hamwe n’ibifungurwa kandi bemerewe gusaba viza yindi mu gihe viza basanzwe bafise igiye kurangira mu kiringo c’amezi atandatu.

Abakozi bakora mu kiringo kananaka hamwe n’abari mu mugambi uzwi nka Pacific Labour participants: bashobora kuzokwongereza ikiringo ca viza zabo gushika ku mwaka umwe.

Abari kuri viza z’agateganyo zishingiye ku bumenyi kanaka: Ku bakozi baba bafashwe mu mugongo mu kurihirwa viza zibaha uburenganzira bwo gukora, nk'abari mu cicaro 457 (Subclass 457) na 482, hama akazi kabo kakaba karangiye, bahawe ikiringo c’imisi 60 kugira bashobore kuba baronse uwundi muntu ashobora ku bishingira bitaba gutyo bagasubira mu gihugu bazananyemo.

Mu gihe umukozi ahagaritswe ivyagateganyo mu kazi yari asanzwe akora ariko atirukanywe, canke amasaha bari basanzwe bakora yagabanijwe, ivyo ntibizofatwa nko kurenga ku mategeko agenga viza bariko. Baremerewe gusaba amadorare agera ku $10 000 muyo basanzwe bafise yo kwiziganyiriza.

Abanyeshure mpuza amakungu:

-barashora kuguma mu gihugu mu gihe bagifise akazi. Mu gihe badafise akazi, umuryango ubashigikira canke amafaranga biziganirije barashobora gutegekanya izindi nzira.

-abanyeshure mpuza amakungu basanzwe bakora akazi ko kwitaho abageze mu za bukuru canke nk’abaganga baremewe gukora amasaha arenze 20 ku ndwi.

-barafise uburenganzira bwo gusaba amafaranga biziganyije mu gihe bamaze amezi 12 muri Australia.

Mu ntara ya Victoria abanyeshuri bazohabwa agahembo kangana $1,100 nkuko biri mu migambi yiyo reta mu ntumbero yo gufata mu mugongo, ako gahembo nako ka kazofasha abantu batari bake muriyo ntara.

Ingenzi: zitegerezwa gusubira mu gihugu zazananyemo, na cane cane izidafise imiryango izifata mu mugongo.

Imfashano y’abagendana ubumuga bwo mu mutwe

Reta yongereje imyanya 10 ku bafise amakarata yo kwa muganga azwi nka Medicare boba bakeneye ubufasha bujanye n’indwara zo mu mutwe ku bantu basugerejwe cane n’ingingo zafashwe mu kurwanya igice ca kabiri c’ikiza COVID-19

Abantu barakeneye urutonde bokurikiza mu gihe bariko barivuza indwara zo mu mutwe ()  hamwe n’umuganga akurikirna umurwayi kugira ngo ashobore kumufasha mu bisabwa gukorwa na muganga w’indwara zo mu mutwe canke muganga wese arekuriwe n’amategeko. Igisata gisanzwe gikorera ku buhinga ngurukanabumenyi ca reta kizwi nka Head to Health ( nico conyene cemerewe kuzotanga amakuru n’ukugira inama abantu ingene  bashobora kubandanya bagira amagara meza ku bijanye n’ubumuga bw’indwara zo mu mutwe muriki gihe ci ikiza ca Coronavirus eka no mugihe abantu bari mu mago yabo batemerewe kugenda hanze, co kimwe n’ingene abana boshigikirwa hamwe naba bakikuje hamwen n’ingene wokwironkera izindi serivisi zijanye n’ubumuga bw’indwara zo mu mutwe n’ingene wozirinda.

Kugira ngo ushobore kumenya ingene reta ya Australia iriho irahangana ni ikiza COVID-19, ja ngaha  

Ushaka amakuru mu kirundi atanzwe n'Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire n'ayandi makungu :


Abantu bose muri Australia bakwiye kwubahiriza ni buri buri imetero 1.5 hagati yabo n'abandi bantu. Raba mu ntara yawe umenye amakoraniro yemewe. 

Namba ufise ibimenyetso vy'ibicurane n'ugukanya, guma mu rugo hama ugerageza guhamagara muganga wawe  canke uhamagare ikigo kijejwe gutara amakuru kuvyerekeye coronavirus ku rwego rw'igihugu biciye kuri 1800 020 080

Amakuru atandukanye woyasanga uyaronka mu ndimi 63 kuri 



 


Share
Published 25 March 2020 6:39pm
Updated 12 August 2022 3:14pm
By SBS Audio, Language Content
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama
Source: SBS


Share this with family and friends