Kugura urudandazwa mur'ibi bihe vya COVID-19

Ikiza casize imvune mu rudandazwa rusanzwe rwibako mu bihe bindi bisanzwe. Ariko bino bihe bidasanzwe vyasize abatari bake mu kaga batazi uko bazikurako uwo mutwaro. None coba ari igihe ciza co kugura urudandanzwa? Bamwe baremeza yuko uvyitondeye ugakoresha ubushishozi ushobora kugira amahirwe

Open for business

Open for business Source: Getty Images/mixetto

Ariko urwo rudandazwa ubu rukaba ruri hasi gose bivanye n’ukwanduzanya COVID-19 biciye k’umuntu k’uwundi, na cane cane mu ntara ya Victoria niho rwasinzikaye cane.

Peter Strong, umuyobozi nshingwabikorwa muri , yavuze yuko kino kiza cagize ingaruka kw’isoko mu buryo budasanzwe.


 Ibikuru  bikuru

  • Abimukira ni bamwe mu barikobararondera kugura urudandazwa
  • Abahinga bavuga yuko urudandazwa rushasha rukeneye kwivugira hama rukanashobora kugurishwa biciye k'ubuhingangurukanabumenyi ku gira ngo rushobore kubandanya rwibako mu bihe vy'ikiza.
  • Saba ubuhanuzi mu vy'ubutunzi kugira ngo ushobore kumenya neza yuko ibitigiri bihwanye

Naho bimeze birtyo, arahamagarira abagifise ubushobozi bwo kugura (kurangura urudandazwa rundi) ngo bakoreshe ubwitonzi budasanzwe mu gufata ingingo iy’ariyo yose.
Lone shopper
Source: AAP Image/AP Photo/Asanka Brendon Ratnayake
Umbwa mbere amenyesha yuko ic’umuntu akwiye gukora imbere yuko agura urudandazwa n’ukuraba yuko rushobora gukura ubwarwo kandi yuko ibitigiri rwerekana ari nyavyo.
Ngo rero n’ivyiza kugenda kuraba uwusanzwe akora muvy’ubutunzi kugira ngo ashobore ku kurabira muri rusangi ibitigiri urwo rudandazwa rwerekana ari nyakuri canke namba bitomoye.
Strong agira inama yuko ar’ivyiza gusuzuma ibitigiri vy’ibihe biheze mu ntumbero yo gushishoza n’ubwo uwujejwe ubutunzi ashobora ku kwizeza yuko vyose ar’amahoro.

Arahamagarira abipfuza kugura gushishoza ku nyubako bagiye gupanga co kimwe n’ingene uwo bapangiye ameze.
Mu gihe uwupangiye ari umwe mu bapangisha amazu bakomeye, mur’ico gihe nogusaba kwiyubara cane bivanye n’uko bogufata mu gihe c’amakuba.
Umwe mu barongozi ba Allbiz Matthew Holland yamenyesheje yuko bamaze igihe baronka abantu babitura kurusha uko vyahora mu bijanye no kuraba ingene botanguza urudandazwa bisunze aba babanjirije nk’abimukira, abo nabo bakaba bagize ica gatatu c’abaza batugana.

Holland yavuze yuko abimukira bafise imyaka yitereye, bo baza bapfuza guhita bagura kurusha kwiyumvira ngo baje mu vy’utuzi dusanzwe.
Checking out a supermarket
Checking out a supermarket Source: Getty Images/chee gin tan
Hagati y’amezi atandatu n’umunani aheze, abantu boguze urudandazwa haba mu bijanye n’imfungurwa  canke urundi rudandazwa mu nyubako y’ubudandaji  Westfield (Westfield mall), aho bapangisha mu kiringo kiri hagati y’imyaka atatu n’itanu gutyo bikabandanya.
Bariko bararondera ikindi kintu cose hanze y’ivyo ariko ubu usanga hariho ibintu vyinshi vyo kuriha kurusha inyungu.
Kwemera akamaro urudandazwa ruto ruto rufise kuko ruterera hafi ica kane c’abikorera utwabo bategamiye kuri reta muri Western Australia, ishirihamwe ritanga impanuro biciye kuri k’ubuhinga ngurukanabumenyi co kimwe no kuri terefone  haba kubafise ububasha bwo kugura hamwe n’abasanzwe bafise urudandazwa rwabo mur’iyo ntara.

Uwusanzwe atanga izo mpanuro akaba ari n’umuhanuzi Lisa Legena yavuze yuko benshi mu bariko barababaza ibibazo ni hamwe n’abimukira kandi benshi muribo bakaba bariko barijijanya imitima namba bakwiye kugura canke bakareka bitewe n’ikiza COVID-19.

Yamenyesheje yuko abaza babagana barengeje imyaka 50 barondera urudandazwa boshiramo imitahe yabo, akenshi iba ari ukugira bashobore kwiziganyiriza muri kazoza kabo.
Turacafise ubwoba kuko hacibonekeza ikwirakwizwa ry’umugera wa corona biciye ku muntu k’uwundi muri Australia.
Legena agira inama yo gutangura gukora ubushakashatsi kugira ngo ubashe kumenya namba ic’ushaka gukora canke serivisi ukeneye gutanga namba ikenewe koko.

Yongeyeko kandi yuko icatumye urudandaza ruhomba mur’iki gihe ca kino kiza ari ubushobozi bwo kutabasha kumenyekanisha canke kugurisha ibicuruzwa biciye k’ubuhinga ngurukanabumenyi mu gihe vyoba ngombwa yuko nyenerwo asabwa kwugara mu kiringo c’imisi itari mike.
Buying a business during Covid-19
Inspecting business Source: Getty Images/DragonImages
Strong abona yuko abantu bafise urudandazwa rutoruto yuko akenshi bakunda kugira icizere kiri hejuru yuko ibintu bizogenda neza mu gihe baranguye urudandazwa runaka.

N’ubwo bimeze birtyo muri bino bihe nivy’akamaro cane yuko umuntu adatwarwa n’ibigumbagumba ngo areke gufata ingingo ibereye.
Raba ibishobora kuba muri kazoza. Ubwo n’urudandazwa rushobora kuramba mu gihe c’amzi abiri mu gihe hatanze amategeko yo kuguma mu rugo?
Legena yavuze yuko ari ngombwa kwitwararika imicungararo uba uguriyemo urwo rudandazwa kugira ngo wirinde ibishobora kugushikira nko kunanirwa kuriha ideni uba warafashe canke kuriha aho upanze mu gihe vyoba ngombwa ko wugara bivutuutse ku biza.

Nitika Gard n’umwigisha mu vy’amasoko kuri kaminuza ya New South Wales akaba ari n’umuhinga mu vy’abaguzi b’ibidandazwa. 

We, avuga yuko uburuhe bwabaye bwinshi mu bantu bivanye nuko basigaye bari mu rugo cane mbere baka basanzwe banakorera mu rugo aho usanga banitwararika abana babo hamwe n’ivyigwa.

Muganga Garg yavuze yuko hakiriho amahirwe mu gihe cose abagwizatunga bomenya aho kuronderera haba no mu gihe vy’ikiza.

Hamwe n’ivyo, haracariho amahirwe y’ibindi bintu bishasha vyo gukora, haba ari serivisi; nka porogaramu zo gufasha abantu ngo bagume mu ntuntu n’utundi, nko gukora yoga, akanya ko kwiherera no kwirimbura, canke indya mu rugo.
Petrol station
Source: Getty Images/FG Trade
Muganga Garg agira inama yuko abagwizatunga  bafata umwanya wo kugira ngo bashobore gutegura imbonokazoza yabo kurenga n’ibihe vy’ikiza ca COVID-19.
N’iviza yuko urudandazwa rwawe rugira imigambi ya vuba niya kazoza hamwe n’ivyo wipfuza gushikako, kubera yuko wipfuza yuko rubaho birenze bino bihe bigize ikiza.
Wipfuza amakuri menshi ajanye n’ingene wotanguza urudandanzwa, rondera The Australia Small Business and Family entreprise mu biro vy’umuhuza hama uhamagare kuri 1300 650 460 hagati ya 8h-20h mu gihugu cose kuva kuwa Mbere gushika kuwa Gatanu


Share
Published 28 August 2020 9:20pm
Updated 28 August 2020 9:34pm
By Amy Chien-Yu Wang
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama


Share this with family and friends