Inzira 10 zo gukingira umuryango n'amafaranga yawe

Nta n'umwe ashobora kwirengagiza akamaro k'ubuhinga ngurukanabumenyi mu buzima bwacu bwa misi yose, ariko benshi usanga badatahura ukoubwo buhinga bukoreshwa n'ingaruka vyodutera, atari kuvyerekeye ubutunzi bwacu gusa ariko no ku miryango n'abana bacu.

Online safety

Cov kev nyab xeeb thaum koj mus siv internet Source: Getty Images

Muri iki gihe isi isigaye yarabaye ntoya bivanye n’ubuhinga ngurukanabumenyi aho umuntu ashobora kuronka vyinshi muvyo yipfuza haba mu kwidagadura, inyigisho, gusuma…n’ibindi vyinshi kandi yibereye mu nzu yiwe.
Online safety
Siv lub CyberParent app los pov puag kom koj tej me nyuam tau txais kev nyab xeeb thaum siv online Source: Getty Images
Gukingira abana bawe ku ubuhinga ngurukanabumenyi

Mu gihe amashuri atari make ariko aratangira inyigisho zayo biciye ku buhinga ngurukanabumenyi abanyeshuri nabo bakaba bariko barigira muhira, nta muvyeyi n’umwe akwiye kwirengangiza ingaruka ubuhinga ngurukanabumenyi bushobora gutera mu bana na cane cane kunyuzurwa canke imirwi y’iterabwoba ishaka abifatanya nayo.

Australia Multicultural Foundation yatanguje application  ifasha gukingira no gufasha ikoreshwa ry’ubuhinga ngurukanabumenyi muri Australia. ikaba iri mu ndimi  zitandukanye.

Umuyobozi nshingwabikorwa wa AMF Hass Dellal yamenyesheje yuko iyo application yakozwe kugira ngo ifashe abavyeyi kumenya ivyo abana babo baba bariko barakora ku buhinga ngurukanabumenyi n’imbuga hwaniro.

izobaha ubumenyi bakeneye kugira ngo bashobore gukingira abana babo, hirya y’ubumenyi bafise kuvyerekeye ubuhinga ngurukanabumenyi n’ingene bukora.

Iyo application yakozwe nyuma yaza kominote n’amashirahamwe arenga 50 kugishwa inama, iyo application ikaba ikoresha ubuhinga budasanzwe bwo kwigisha abana co kimwe no kubereka ivyo bafasha kugira ngo bikingire mu gihe bariko barakoresha ubuhinga ngurukanabumenyi.

Ubusuma buciye ku buhinga ngurukanabumenyi.

Hirya y’ingaruka abana bashoroa kugira bariko barakoresha ubwo buhinga, abantu bakuze nabo ngo bakwiye kugaba bivanye n’ingene bakoresha terefone ngendanwa zabo.

Hisunzwe Australia Competition and consumer commission, abanye Australia bamaze gutakaza miriyoni zirenga 36 z’amadorari bicye mu busuma bukorerwa ku ubuhinga ngurukanabumenyi mu mezi atatu y’umwaka wa 2020. Mu busuma bwimonogoje ni hamwe no kubesha abantu bagatanga amakuru/umwirondoro wabo bwite harimwo n’inimero zama banki bakoresha, hakurikira kuriha za fagitire z’ububeshi ziciye mu kugura ibintu biciye ku buhinga ngurukanabumenyi.

Stas Filshtinskiy n’umuyobozi w’ikigo Cyber Security Hub ajejwe gukurikirana ubusuma bukorwa biciye k'ubuhinga ngurukanabumenyi, avuga k'uburyo bwo gutahura yuko bagomba ku kwiba biciye muri ubwo buhinga ari ukwiyumvira bifatiye mu buryo busanzwe umuntu akora ibintu.

Ufatiye nko mu buzima busanzwe, mu gihe ubona yuko ikintu ari ciza cane kandi coboneka mu buryo bworoshe, ubwo nyene ugira amakenga yuko bagomba ku kuriganya.

Muri rusangi n’ivyiza kwamana amakenga igihe cose ugiye kugura ikintu biciye kubuhinga ngurukanabumenyi.

Rikanure cane igihe cose ugomba kuriha biciye k'ubuhinga ngurukanabumenyi

Ama miriyoni yama karata azwi nka credit card arakoreshwa cane mu kuriha biciye ku buhinga ngurukanabumenyi.

Icegeranyo ca The Australian Payments Network (APN) cerekana yuko ubusuma buca muma karata yo kuriha bwagabanutse cane.

Andy White n’umuyobozi nshingwabikorwa muri APN yamenyesheje yuko icatumye ubwo busuma bugabanuka ar'uko vyabaye ngombwa yuko bakorana n’abanyamitahe co kimwe n’abasanzwe bagura ibintu bicye ku buhinga ngurukanabumenyi.

Aragira inama abantu yo gutanga umwirondoro wabo n’amakarata yabo ahantu hizewe gusa. Raba ikamenyetso k’ingufuri hama ugire amakenga kurico cose ubona kidasiguritse neza.

Andy White yasiguye ubwo busuma bwo ku ubuhinga ngurukanabumenyi butera bugorana kuko usanga ababikora bahindura inzira zimwe zimwe bari basanzwe bakoresha. Rero ubutumwa bwose buciye mw’ikete muravyo (email) co kimwe n’ubuciye muri terefone ngendanwa uronse utabuziga mbere bukaba bunavuye kubantu utazi ukwiye kugira amakenga cane. Aragira inama yo kudafyonda igisa na link cose canke ikindi cose kiba kije c’ibangikanije nubwo butumwa n’inkisanamu, hama ngo icibagiwe n'ugutanga ijambo ryo mwibanga ukoresha (mot de passe canke password)
The COVID-19 crisis has seen a rise in internet users and digital connectivity.
The COVID-19 crisis has seen a rise in internet users and digital connectivity. Source: Getty Images
Kingira inyabwonko yawe

Urashobora gukingira inyabwonko yawe mu gusaba impanuro  abasanzwe babifitiye ubumenyi bukwiye kandi basanzwe bazwi, ukagabanya abantu bashobora gukoresha inyabwonko yawe.

Gerageza kuza urayisuzuma kenshi gashoboka utibagiye no kubika ahantu hibanga ivyo uba wakoze kandi ivyo wabitse bikabonwa nabo wahaye uburenganzira gusa.

Nivyiza kugerageza kwamiza kugihe logiciel (Software) ukoresha kandi ukitwararika kuyikingira imigera ishobora kuyitera.

Ikingira umuhora ukoresha

Umuhora ukoresha usanzwe uva hanze ahantu utazi hama ukarangiriza mu nyabwonko yawe. Mu gihe idakingiwe bikwiye, umuntu arashobora kuwukoresha mu ntumbero yo kwiba amakuru bwite yawe canke agakoresha umuhora canke inyabwonko yawe kubwi inyungu zabo kandi utamuhaye uburenganzira.

Urashobora gufasha mu gufata inzira zitandukanye zo gukingira imihora ukoresha co kimwe n’uburenganzira bw’abakoresha inyabwonko yawe mu kugabanya abantu bayikoresha co kimwe no kwima uburenganzira uwo wese ashobora kuyikoresha ari mu kindi kibanza mutari kumwe.

Ntihagire uwo usangiza akajambo k’ibanaga ukoresha (mot de passe)

Gerageza ureme ijambo ry’ibanga rikomeye uzokoresha kandi wirinde kurisangiza uwundi muntu uwari we wese. Gushiramwo ibiharuro bitoroshe kwiyumvira, indome, utumenyetso. Izina rifise indome, ibiharuro n’ibimenyetso birenga umunani nivyo abahinga bagira inama yo gutegekanya.
No more passwords, says Apple, Google, and Microsoft
Source: Getty Images
Ibuka kudakoresha akazina k’ibanga (mot de passe) kamwe ku bintu vyose ukoresha kandi ubike ako kazina ahantu hibanga.

Ntu telecharger ibintu bivuye kuri rubuga (Site) utazi

Nkuko nyene ntiwugurure ubutumwa ufitiye amakenga, canke ubutumwa usanga bwiyadukiza mu kwinjira mu nyabwonko ukoresha. Ubwo hamwe n’amakete muravyo (emails),

-N’ivyiza kubihanagura.

Kingira terefone ngendanwa yawe.

N’ingirakamaro ko wama ufise terefone yawe ngendanwa umwanya wose.

Mu gihe terefone ngendanwa yawe idakingiye hama bakayiba canke igatakara, murico gihe irashobora gukoreshwa mu gushikira amafaranga yawe canke umwirondoro wawe hakoreshejwe umwiromdoro baronse muri terefone ngendanwa yawe.

Kingira umwirondoro wawe bwite n’ibindi vyose utipfuza yuko abantu bamenya

Fata umwirondoro wawe nkuko witwararika amafaranga yawe, ntukawusige aho ubonye hose  ngo abandi bantu bawushikire vyoroshe.
Online safety
Source: Getty Images
Umuntu yifashishije umwirondoro wawe yivye arashobora kugira uburenganzira kuri konte ya banki yawe, akaronka ikarata izwi nka credit card canke akironkera ingurane mw’izina ryawe canke agasaba uturusho, muri make akonona izina ryawe, ivyo vyasiguwe n’umuhinga muvyo amabi akorerwa ku ubuhunga ngurukanabumenyi akaba akora mu kigo ca kaminuza Canberra Nigel Phair.

Akenshi umuntu ntamenya yuko hariho ikintu kibi cakoretse gushikaho acafurijwe izina muri za Banki canke ayandi mashirahamwe yose atanga ingurane. 

Ni gute woronka ubufasha?

Wotangurira muri the Australian Competition and Consumer Commission (ACCC) Baratanga amakuru agezweho ku busuma butandukanye kandi buba bugezweho buba buriko buracanacanako muri Australia, baraheza bakanabitangako amakuru.

Urashobora kuronka ubufasha butandukanye uciye ngaha . Mbere ukaronka n’urutonde rw’izindi mbuga ngurukanabumenyi zashizwe hamwe n’ikigo ACCC mu ntumbero yo gufasha gutahura, no kwirinda ubusuma bwose bwoca kurizo mbuga.

Namba wumva yuko umwirondoro wawe ushobora kuba waribwe urashobora kwakura  ibiro bijejwe gutanga amakuru arivyo Office of the Australian Information kuri 1300 363 992 hama ugasaba ubufasha.

Ntiwibagire kuraba ku rubuga rwa reta  intonde z’ubusuma bugezweho buca k’ubuhinga ngurukanabumenyi


Share
Published 17 April 2020 6:21pm
Updated 12 August 2022 3:19pm
By Shamsher Kainth, Ildiko Dauba
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama


Share this with family and friends